Yehova aratuzi
Voma:
1. Igihe twahingurirwa mw’ibanga,
N’imbere y’uko tubon’izuba,
Yehova yaratubona,
Agasoma mu mutima.
Eh’ico bitwereka.
(ICITABIRIZO)
Yehov’aratuzi—
Az’uko twiyumva,
Az’utwigoro tugira,
Duhimbawe, tubabaye.
Yehov’aratuzi—
Mu vyo dukenera.
N’igihe twaburaniwe ntaduheba.
Aratuzi.
2. Nka kurya kw’umuvyey’adukunda,
Yipfuza ko turoranirwa.
Aturonderamwo iciza,
Ngw’azoduh’iparadizo.
Twibuke kw’atubona.
(ICITABIRIZO)
Yehov’aratuzi—
Az’uko twiyumva,
Az’utwigoro tugira,
Duhimbawe, tubabaye.
Yehov’aratuzi—
Mu vyo dukenera.
N’igihe twaburaniwe ntaduheba.
Aratuzi.
(IKIRARO)
Numuhang’amaso, ntiwibagire kw’agukunda; senga, senga.
Mutur’ingorane, wikoreye ku mutima,
Wibuke kw’ahari, k’udakwiye gutinya.
(ICITABIRIZO)
Yehov’aratuzi—
Az’uko twiyumva,
Az’utwigoro tugira,
Duhimbawe, tubabaye.
Yehov’aratuzi—
Mu vyo dukenera.
N’igihe twaburaniwe ntaduheba.
(ICITABIRIZO)
Yehov’aratuzi—
Az’uko twiyumva,
Az’utwigoro tugira,
Duhimbawe, tubabaye.
Yehov’aratuzi—
Mu vyo dukenera.
N’igihe twaburaniwe ntaduheba.
Aratuzi.