Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwibone uri kumwe n’abagenzi ba Yehova

Niwibone uri kumwe n’abagenzi ba Yehova

Voma:

  1. 1. Ndasoma nkabona nk’aho

    Ndi kumwe n’ababayeho

    Kera mu bihe vya Bibiliya,

    Nshaka kubamenya.

    Nca nguma nitegereza,

    Nkabumva n’ivyo bavuga,

    Nkamenya ko na bo bashikirwa

    N’ibidushikira.

    (ICITABIRIZO)

    Abagenzi ba Yehova

    Ndabiyegereza.

    Nama nsom’inkuru zabo

    Nkabamenya neza.

    Vuba bagiye kuzuka

    Twibanire kw’isi.

    Nzobakiran’igishika

    Nti: «Kaze bagenzi!»

  2. 2. Kugum’ar’intahemuka

    Ntivyamye biborohera.

    Cokimwe na jewe barasenga

    Bakabishobora.

    (ICITABIRIZO)

    Abagenzi ba Yehova

    Ndabiyegereza.

    Nama nsom’inkuru zabo

    Nkabamenya neza.

    Vuba bagiye kuzuka

    Twibanire kw’isi.

    Nzobakiran’igishika

    Nti: «Kaze bagenzi!»