Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turashashaye kukubona

Turashashaye kukubona

Voma:

  1. 1. Wewe, niwavuka

    Nzokuvugisha neza.

    Nzama ngufatana

    Urukundo be n’ubuntu.

    Nzokwigisha iciza.

    Bishitse na ho ntiduhuze,

    Nzama ndakwihanganira

    Vyizere.

    (ICITABIRIZO)

    Tuzotuma wisanga.

    Uri mu muryang’ugukunda.

    Na Yehova, azokwama

    Akwigisha.

    Turagushashaye.

  2. 2. Narize gusenga,

    Papa azobikwigisha

    Ndashashaye cane

    Kuzoza nkinana nawe.

    Bizoshika ntiduhuze,

    Ubabaye nzama nguhoza

    Kuk’uri mutoyi wanje

    Vyizere.

    (ICITABIRIZO)

    Tuzotuma wisanga.

    Uri mu muryang’ugukunda.

    Kandi niwavuka,

    Turiteguye kuguh’ikaze.

    Turagushashaye.