Yehova yandemye neza
Voma:
Amanota y’umuziki
1. Imana yarandemye neza,
Ndabona kand’utuntu twiza,
Ndagenda, ngasimbasimba ndyohewe.
Yatumye nguma numva nezerewe.
(ICITABIRIZO)
Yehova koko yarandemye neza,
Yaranyitondeye, n’igitangaza.
Yarampay’ibintu vyiza vyose,
Iy’ataba we nta vyo noronse.
(IKIRARO)
Mfis’amatwi, mfise n’ijwi,
Mfise n’amaboko akora vyinshi.
Mfis’umutim’ukund’abantu
Na bo barankunda ndabizi.
(ICITABIRIZO)
Yehova koko yarandemye neza
Yaranyitondeye, n’igitangaza.
Yarampay’ibintu vyiza vyose,
Iy’ataba we nta vyo noronse.