Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 106

Dutsimbataze kamere y’urukundo

Dutsimbataze kamere y’urukundo

(1 Abakorinto 13:1-8)

  1. 1. Dusab’Imana ngw’ituronse

    Kuri kamere zayo zose.

    Ariko mur’izo kamere

    Urukundo ni rwo rwa mbere.

    Nimb’urukundo turubuze

    Nta c’ibindi vyoba bivuze.

    Mu mvugo twame dukundana

    No mu ngiro, ko tuvukana.

  2. 2. Urukundo ni ngenderwako.

    Rutanga rutikwegerako.

    Urukundo rwihanganira

    Ibintu birubangamira.

    Mu rukundo ntihab’urwanko;

    Ikigongwe ntirukivako.

    Kubera ko rutananirwa,

    Ruzoguma ruroranirwa.