Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 111

Imvo zituma tunezerwa

Imvo zituma tunezerwa

(Matayo 5:12)

  1. 1. Imvo zituma tunezerwa

    Ntizigir’igitigiri.

    Ab’agaciro mw’isi yose

    Basendanish’ar’indiri.

    Akamwemwe gashinz’imizi

    Muri rya Jambo rizima.

    Kwama turyiga bituronsa

    Ukwizera mu mutima.

    Nta na kimwe coza kitwaka

    Nya mvo zitunezereza.

    Naho haz’ibigeragezo

    Yehov’aradukomeza.

    (ICITABIRIZO)

    ’Munezero wacu ni Ya.

    Akor’ibituryohera

    Agwij’ubwenge, kand’agakora

    Ivyiza vy’umurengera!

  2. 2. Ijuru n’isi n’ikiyaga

    Biratey’igomwe yemwe!

    Duca tumuh’amashi menshi

    Twitegerej’ivyaremwe.

    Ubu twama dushing’intahe,

    Bwa Bwami tukamamaza,

    Ivyiza bugiye kuzana

    Hose tukabitangaza.

    Tuzohimbarw’ibihe vyose,

    Urweze rusasagare.

    Rya juru na ya si bishasha

    Bizozan’agahimbare.

    (ICITABIRIZO)

    ’Munezero wacu ni Ya.

    Akor’ibituryohera

    Agwij’ubwenge, kand’agakora

    Ivyiza vy’umurengera!