URURIRIMBO RWA 146
‘Vyose vyabaye bishasha’
-
1. Erega bwa Bwami bwaratanguye!
Ubu ivyo twarabitahuye.
Mw’ijur’umwansi yaratujijwe.
Kw’is’igomba ry’Imana rishitswe.
(ICITABIRIZO)
Munezerwe, bene wacu:
Iman’ibana n’abantu.
Nta ntuntu tuzoba tukigira,
Nta rupfu, mbere nta n’amarira.
Yavuz’iti: ‘Ndabigize bisha.’
Ukwo n’ukuri gusa.
-
2. Rabe Yeruzalemu Nshasha kandi
Na wa mugen’arac’ibibatsi.
Ni wa Mwagazi yateguriwe.
Yehov’azoba we muco wiwe.
(ICITABIRIZO)
Munezerwe, bene wacu:
Iman’ibana n’abantu.
Nta ntuntu tuzoba tukigira,
Nta rupfu, mbere nta n’amarira.
Yavuz’iti: ‘Ndabigize bisha.’
Ukwo n’ukuri gusa.
-
3. Ni ’gisagar’ubon’ugahimbarwa
Kandi ntikizigera cugarwa.
Kizokayanganir’amahanga.
Ubu twisung’umuco gitanga.
(ICITABIRIZO)
Munezerwe, bene wacu:
Iman’ibana n’abantu.
Nta ntuntu tuzoba tukigira,
Nta rupfu, mbere nta n’amarira.
Yavuz’iti: ‘Ndabigize bisha.’
Ukwo n’ukuri gusa.
(Raba kandi Mat. 16:3; Ivyah. 12:7-9; 21:23-25.)