URURIRIMBO RWA 155
Tuzokwama mu munezero
1. Ubwiza bw’ivyo waremye
N’igitangaza.
Ivyo vyiza wabiremye
Kuk’udukunda.
Waremy’isi n’ikiyaga,
Bitum’umutima wawe
Wam’ uhimbawe.
(ICITABIRIZO)
Turagir’umunezero,
Kubera ca cizigiro
Be na ya Paradizo.
Gukundwa na wewe Mana
N’agateka tuzamana.
Kwama tugukorera
Ni wo munezero.
2. Yehova, waraduhaye
Ibihimbaye—
Ibintu bidukikije
Bitey’igomwe.
Waturemany’umutima
Wipfuza kuvyinovora
Ibihe vyose.
(ICITABIRIZO)
Turagir’umunezero,
Kubera ca cizigiro
Be na ya Paradizo.
Gukundwa na wewe Mana
N’agateka tuzamana.
Kwama tugukorera
Ni wo munezero.
(IKIRARO)
Ivyo tubikesha
Kuba watanze Kristu,
Aremera kudupfira
Ngo tuzame tunezerwa.
(ICITABIRIZO)
Turagir’umunezero,
Kubera ca cizigiro
Be na ya Paradizo.
Gukundwa na wewe Mana
N’agateka tuzamana.
Kwama tugukorera
Ni wo munezero.
(ICITABIRIZO)
Turagir’umunezero,
Kubera ca cizigiro
Be na ya Paradizo.
Gukundwa na wewe Mana
N’agateka tuzamana.
Kwama tugukorera
Ni wo munezero.
(Raba kandi Zab. 37:4; 1 Kor. 15:28.)