Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 20

Watanze ca kinege cawe

Watanze ca kinege cawe

(1 Yohani 4:9)

  1. 1. Yehova, Muvyeyi,

    Twari twihebuye.

    Incungu yazanye

    Ukwizigira!

    Ubuzima bwacu

    Turabugutuye.

    Ivy’ugomba vyose

    Tuzobibabwira.

    (ICITABIRIZO)

    Waratanze, Dawe,

    Wa Mwan’umwe wawe.

    Tuzokwama dushima

    turirimbe duhimbawe.

  2. 2. Ugwije ubuntu

    N’impuhwe zikwiye.

    Izina ufise

    Turarishima.

    Watanz’ingabire

    Izir’akanenge.

    Ni yo yatwiguze,

    Turonk’ubuzima.

    (ICITABIRIZO)

    Waratanze, Dawe,

    Wa Mwan’umwe wawe.

    Tuzokwama dushima

    turirimbe duhimbawe.

    (INSOZERO)

    Yehova, Muvyeyi, tuzogushimira.

    Kubera waduhaye wa Mwan’umwe wawe.

(Raba kandi Yoh. 3:16; 15:13.)