URURIRIMBO RWA 43
Isengesho ry’ugukenguruka
-
1. Ewe Yehova wewe Mana nziza,
Akir’isengesho tugutuye.
Tuzogukorera ko twakwizeye.
K’utwitaho twumva duturuye.
Ntirirenga tutagucumuyeko.
Mana we, tugirir’ikigongwe!
Warakoze kuturonsa ya ncungu.
Wadutabaye twari tugowe.
-
2. Waratwiyegereje, Mana nziza.
Urw’udukunda ruzodukiza.
Twigishe tumenye kugamburuka,
Kuri wewe tub’intahemuka.
Impwemu yaw’irafis’ububasha.
Tukuvugira kukw’idufasha.
Twe bantu batoy’uratwigorera
Urakoze ku vy’udukorera.
(Raba kandi Zab. 65:2, 4, 11; Flp. 4:6.)